UEFA Champions Ligue: FC Barcelone yanyagiye Real Madrid mu mukino waciye agahigo katari kakorwa ku isi

UEFA Champions Ligue: FC Barcelone yanyagiye Real Madrid mu mukino waciye agahigo katari kakorwa ku isi

  • FC Barcelone yanyagiye Real Madrid

  • Umukino wa FC Barcelone na Real Madrid waciye agahigo katarakorwa ahandi ku isi

  • FC Barcelone yasezereye Real Madrid mu mikino ya UEFA Champions League

Mar 31,2022

Umukino wa UEFA Champions league y'abari n'abategarugori FC Barcelona yaraye inyagiyemo Real Madrid, waciye agahigo ko kuba umukino wa mbere w'abari n'abategarugori urebwe n'abantu benshi ku Isi.

FC Barcelona y'abagore yari yakiriye Real Madrid i Camp Nou, mu mukino wo kwishyura wa 1/4 cy'irangiza cya UEFA Champions league.

Ni umukino warangiye Barcelona inyagiye Real Madrid ibitego 5-2, iyisezerera ku giteranyo cy'ibitego 8-3.

Barcelona yafunguye amazamu ku munota wa munani w'umukino ibifashijwemo na myugariro María Pilar León (Mapi León), mbere y'uko Real Madrid yishyura iki gitego kuri Penaliti nyuma y'iminota umunani ibifashijwemo na Olga Carmona.

Igice cya mbere cy'umukino cyarangiye amakipe yombi anganya igitego 1-1.

Real Madrid yayoboye umukino nyuma y'iminota itatu igice cya kabiri gitangiye biciye kuri Claudia Zornoza, gusa FC Barcelona ihita iyishyura ku munota wa 52 ibifashijwemo na Aitana Bonmatí.

Iminota yakurikiyeho Real Madrid yahise isa n'ivuye mu mukino burundu, bituma FC Barcelona yari ishyigikiwe n'imbaga y'abafana bari buzuye Camp Nou iyibonamo ibindi bitego bitatu.

Rutahizamu Clàudia Pina, Kapiteni Alexia Putellas n'umunya-Norvège Caroline Graham Hansen ni bo bashimangiye intsinzi ya FC Barcelona ifite UEFA Champions league y'umwaka ushize.

Umukino w'amakipe yombi warebwe n'abafana 91,553; uca agahigo ko kuba uwa mbere w'abari n'abategarugori urebwe n'abantu benshi ku Isi.

Imikino yari ufite agahigo ko kurebwa n'abantu benshi ku Isi irimo uwahuje Atletico Madrid na FC Barcelona wabereye i Wanda Metropolitano warebwe n'abafana 60,739.

Undi mukino wari ufite agahigo ko ku rwego rw'Isi ni uwahuje Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'u Bushinwa wabereye kuri Stade ya Rose Bowl mu 1999 wo warebwe n'abafana 90,185.